Sunday 7 February 2021

DRC: Abasivile barenga 12 bishwe banigaguwe n'abarwanyi ba ADF

Do you want to share?

Do you like this story?

Abasivile 12 bishwe n’abakekwa kuba abarwanyi ba ADF ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu mu majyaruguru ya Republika ya Demokarasi ya Kongo. Umuyobozi wa Teritware ya Beni yabereyemwo ubwo bwicanyi yabwiye ibiro ntaramakuru by'Abafaransa, AFP, ko abishwe ari abahinzi bahitwa Mabule.





Umunani mu bishwe ni abagabo, bane bandi ni abagore bishwe banigaguwe urw’agashinyaguro. Abo barwanyi bivugwa ko ari abo muri ADF babishe babasanze mu mirima yabo nkuko uwo muyobozi Donat Kibuana akomeza abivuga. Uwo mutegetsi yemeza ko ibitero by’uwo mutwe wiyitirira idini rya Isilamu byari byarahagaze kuva mu kwezi kwa mbere bivuye ku bitero igisirikare cya Kongo cyari kimaze iminsi kigaba ku birindiro by’abo barwanyi.

Leta ya Kongo ivuga ko abishwe ari 12, naho amashyirahamwe yigenga akorera muri Beni yemeza ko abishwe ari 14 kandi hari n’abandi baburiwe irengereo ryabo.



YOU MIGHT ALSO LIKE

0 comments:

Advertisements

Advertisements

 
<